Biramubabaje DJ PRO agiye kwitwarira JB MKUBWA mukumushira kuri AFFICHE ya CONCERT atabifitiye uruhusha mbega azohanwa?
Birashoboka ko umuntu yitwa JB MKUBWA asanzwe akina bimwe bita MOVIE agiye kuzokwitaba ubutungane bukwirikirana umuziki w’uburundi aho ku munsi wa kane itariki 20/11/2014 yashoboye kugaragaza ahabona AFFICHE iranga CONCERT yiyitira ko agiye kuzokoresha mu mwaka 2015 ayikoranye n’abaririmvyi babarundi nka KING PLATA , MSAMALIA , MAGIC KINGORONGORO , SAL – G RAIS , LE PYGME SMALL DOGG , JOSDY , DJ PRO , WAWA VG. Iyo Affiche imaze gukwiragira k’urubuga rwa Facebook yiwe ntiho umwe murabo baririmvyi yashizemwo kuri Affiche ya Concert yiwe musanzwe muzi kw’izina rya DJ PRO amaze kwibonamwo ntiho twashoboye kugirana nawe ikiganiro kijanye niyo Concert ya JB MKUBWA ko yoba ayizi wewe ararahira akarengwa ko na JB MKUBWA atawazi kandi bataranigera baganira n’umunsi warimwe hanini DJ PRO aramenyesha JB MKUBWA agiye kuzomwitwarira akazohanwa n’amategeko y’umuziki w’uburundi kuko ngo ashaka kumuta m’urudubi.
Twomenyesha ko JB MKUBWA ko bagiye kumwitwarira kuba ngo yakoze ikosa rikomeye cane gose mu muziki w’uburundi nkuko DJ PRO yabivuze kubera ngo niyumva ingene bashobora kumushira kuri AFFICE ya CONERT atavyazi kandi batigeze bamutumbera babimusabe.
Mukiganiro twakoranye n’umuririmvyi DJ PRO arashimika akanongera akavuga ko JB MKUBWA afise ikosa rikomeye cane gose aho n’igihe twamubaza DJ PRO ko JB MKUBWA yoba yashoboye kubimumenyesha akamushira kurutonde rwa AFFICHE ya CONCERT y’abaririmvyi asha DJ PRO yarahiye ararengwa ko batazinanye na JB MKUBWA nagato bataranigera baganira canke bandikiranira ubutumwa kuri terefone ngendanwa n’ahandi.
Uko ikiganiro DJ PRO yakoranye na FRANK PRO wumve ukuntu agiye kuzokwitwarira JB MKUBWA.
FRANK PRO : Mbega DJ PRO twashaka tukwibarize woba wabonye Affiche ya Concert izoba itariki 02/1/2015 kuko twashoboye kukubonamwo harico iyiziko?
DJ : Mmmh oya ni Concert yahe jewe kuko nayo nzi mwoshobora kuma nkaraba iyo Affiche ya CONCERT
Ngaho umuririmvyi DJ PRO amaze kubwira FRANK PRO amwereke iyo AFFICHE ya CONCERT yaciye amubwira ngo rindira gato ndayikuzanire, ikiganiro kiracabandanya.
Umuririmvyi DJ PRO: Mmm mbega ivyo bintu bivuyehe ko jewe atavyonzi.
Umumenyeshamakuru FRANK PRO : Twabibonye kuri Facebook.
Umuririmvyi DJ PRO : None uwo muntu yakoze iyo AFFRICHE ni nde?
Umumenyeshamakuru FRANK PRO : Yitwa JAB MKUBWA
Umuririmvyi DJ PRO : Jewe sindigera ndamubona kandi sindigera nganira na JB MKUBWA n’ikindi jewe sindamuzi n’ukwasa
Umumenyeshamakuru FRANK PRO : Mbega DJ PRO ubona yoba yakoze amakosa kubashira kuri AFFICHE ya CONCERT atabibamenyesheje
Umuririmvyi DJ PRO : Ego yakoze ikosa rinini cane gose kandi cane gose nkaba ngiye kuzomwitwarira kubera ngaho ashaka kunyononera kazoza kanje mfise mu muziki wanje mu myaka iri imbere
FRANK PRO : Twebwe twabonye iyo AFFICHE ya CONCERT twibaza ko yoba yarabibamenyesheje.
Twarangije ikiganiro cacu na DJ PRO aguma asubiramwo ijambo rimwe ngo ngiye kumwitwarira ,kubera vyamubabaje cane gose kumva ngo JB MKUBWA ashobora kumushira kuri Affiche ya CONCERT atabimucishije ko atabimumenyesheje , kandi kuvy’ukuri umuririmvcyi DJ PRO yavyemeje ko agiye kumwtwarira JB MKUBWA agacibwa amande akwirikijwe n’amategeko aranga abaririmvyi n’abaririmvyikazi mu Burundi mugihe umuntu ashoboye gufata umuririmvyi akmushira muri Affiche ya Concert atigeze amutumbera canke ngo babiganire.
Tukaba tukiriko turabandanya turondera abandi baririmvyi bashobowe gushirwa kuri AFFICHE ya CONCERT izotegurwa na JB MKUBWA azokoresha mu Burundi kugira tumenye ukuri ko nabwo boba barashoborwa biciye mumategeko nkuko hamaze kubonekamwo umuririmvyi DJ PRO abihakana akarengwa kandi akaba agiye kuzomwitwarira mubarongozi b’umuziki w’uburundi bajejwe gukwirikirana ibijanye na CONCERT ziba zateguwe zidaciye mumategeko mugushiramwo umuririmvyi atavyo azi. Twobamenyesha kandi ko akageso nka kari kararangiye mu muziki w’uburundi mugihe cahera aho wasanga abaririmvyi babashize kuri AFFRICHE za CONCERT batabizi.