Imana buryango ni besha isezeranye irashitsa menya ukuntu ALINE VYUKA yahezagiye abantu muri LUNCK ALBUM NI SALAMA
Abantu bari baje mugiteramo c’umuririmvyikazi ALINE VYUKA bararose ibitangaza n’imihezagiro y’imana bakuye mundirimbo za ALBUM NI SALAMA yiwe , kuko harya ngo Imana s’umuntu ngo ibeshe bikaba vyarabonetse mu kugaragaza ahabona ALBUM NI SALAMA ya ALINE VYUKA aririmba indirimbo zihimbaza Imana kandi mugiteramo ciwe yabereye Illinois mugihugu ca AMERICA k’uvyukuri abantu bari baje mugutora imigisha n’imihezagiro y’Imana mundirimbo zishasha za ALBUM NISALAMA y’umuririmvyikzi ALINE VYUKA barashimye cane gose mukubona ibitangaza vy’imana mugihe ALINE VYUKA yagiye imbere yabo arabaririmbira aranabatambira ari kumwe n’abatavyi biwe abahungu n’abakobwa bose aho woshobora kubona abantu bava mubibanza bicayemwo kubera gukorwa ko na MPWEMU YERA mugutazira Imana kubera indirimbo zihimbaza Imana za ALINE VYUKA.
Igiteramo ca ALINE VYUKA igihe yariko arashira ahabona ALBUM NI SALAMA yakoreye mugihugu ca TANZANIA twokubwira ko abantu benshi bashoboye gutahura ko atahandi hari umuzero atari kwa YESU mugihe uriko uramuririmbira umutazira unamutambira bimwe vyakaorero nivyo vyashoboye kubonwa mugitera ca ALINE VYUAKA.
Umuririmvyi ALINE VYUKA yashoboye gushimira abantu bose bitanze mukaza mugiteramo ciwe co kugaragaza ALBUM NI SALAMA yaranongeye arabasabira iyindi imigisha y’Imana nkiyo baronke mugu=iteramo ciwe . ALINE VYUAK abashibira avuga ngo : Ndatanze ugushima kuri barya bose bashoboye kwigora nogushika kugiteramo co gushira ahabona ALBUM yanje NI SALAMA Imana yarakoze ibitangaza cane gose abantu baraje ku bwinshi mugushika mutazira kandi twarabonye Imana. Muhezagirwe.”
Ayo majambo ALINE VYUKA ya yanditse kurubuga rwiwe rwa Facebook m’ururimi rw’igiswahili mugihe ALBU NI SALAMA igizwe n’indirimbo nyinshi z’igiswahili zihimbaza Imana, nkuko washoboye kubona Video ngaho hejuru iri muri ALBUM NI SALAMA insi nilivyo Bwana.
AMAFOTO YARANZE IGITERAMO CO GUSHIRA AHABONA ALBUM NI SALAMA Y’UMURIRIMVYIKAZI ALINE VYUKA AVUKA I BURUNDI AKABA MURI AMERICA