Isozerwa ry’ikiriyo ca DR. JACK PRO umuririmvyi DJ PRO yagize ico abwira bagenziwe babaririmvyi soma inkuru yose
Umuririmvyi DJ PRO mwakunze cane Clip Video yiwe yakoranye na SAT – B hamwe na MKOMBOZI asubiyemwo indirimbo yiswe KATOTO aratanga igicirwa ciza kubaririmvyi bagenzi biwe akaba ashoboye kubishikiriza uyu munsi inyuma yogusozera ikiriyo c’umuhisi DR. JACK PRO. Aravuga ko abaririmvyi bose boshobora gufashanya muri vyose haba mungorane canke atangorane bafise bakerekana urukundo bafitaniye hagati yabo bakareka kwerekana ko banka nkakurya kw’inkoko na kagomba. Bakaja hamwe bagafashanya nkuko yashoboye kuronka icirwa kuva DR. JACK PRO yitavye Imana aho DJ PRO vyamweretse vyinshi cane gose hati yabaririmvy bagenzi we akabasaba ko boja hamwe bakerekana urukundo hagati yabo bagafashanya muri vyose haba mukazi cane mubuzima bwaburu munsi bakora mu muziki w’uburundi.
Twokumenyesha ko abaririmvyi bari baje kubwinshi gusozera ikiriyo ca nyuma c’intwari itazokwibagirwa mu muziki w’uburundi , urwanda na CONGO umuhinyanyuzi nyakwigendera DR. JACK PRO
AMAFOTO YUNO MUNSI MW’ISOZERWA RY’IKIRIYO CA DR. JACK PRO, BARIRIMVYI BARI BAJE KUBWINSHI