MASTERLAND PRO hamwe na SAMANTHA BATANGUYE IMYITEGURA YA CLIP VIDEO YITWA Fantastic
Umuririmvyi akanongera akaba umuhinyanyuzi MASTERLAND PRO yatanguye gukora Clip Video y’indirimbo yitwa Fantastic yakoranye n’umuririmvyikazi SAMANTHA bakaba batanguye imyiteguro myiza cane gose mugukora ikintu kizoshimisha abantu bakunda n’indirimbo za Clip Video mugihe bazobona isanamu nshasha Fantastic iriko irahinyanyurwa mugufatwa mashusho n’abantu batatu bafise ubuhinga bwogukora ama Clip Video kuko murabo batatu harimwo babiri baheruka gufata amashusho y’isanamu WHAT’S MY NAME mwashoboye kubona ubuhinga bakoresheje ari nabwo buzohava bugifise n’ubu.
Twashoboye gufata akana turarondera umuhinyanyuzi akaba numuririmvyi MASTERLAND Pro asanzwe akora muri Studio INDONYI RECORD rurangiranwa hano mu Burundi yagize ico ashikirije kijanye n’abahinyanyuzi bariko barahinyanyura CLIP VIDEO Fantastic By MasterLand Pro Ft SAMANTHA umuririmvyikazi mukunda cane indirimbo ziwe iyo zigiye ahabona muryoherwa kandi muzoshobora kuryoherwa kurusha mugihe muzobona Clip Video Fantastic.
MASTER LAND PRO ati: Clip Video iriko irakorwa naba pro 3 aribo Hugues bana , Johny B hamwe na BanCherif,
Twarangije Ikiganiro cacu na MASTERLAND PRO azosubira kutwiganira aho ibikorwa bizoba bigeze mukora imyiteguro myiza izoza izananye ishusho nziza muri CLIP VIDEO Fantastic tukazobanya tunabereka amashusho y’ukuntu izoba imeze imbere yo kuja ahabona mukayibona tworangiza tuvuga ati muraguma hafi muzoyibona vuba.