SAT – B :”NDAKUMBUYE IMUHIRA I BURUNDI UMUNSI NZOZA NZOBACA AMAZI KURI STAGE MURAGABE”
Ibintu bigiye kuranga aho umuririmvyi SAT – B yaraye atanze ubutumwa buciye kuri FRANK PRO SHOW LIVE aramutsa aba fans biwe ati ENDAMWIRIWE nabo bakaba bashoboye kumwishura ati turagukumbuye ahubwo gira uze unyaruke kuko tumaze iminsi itari mike mugihugu tugukumbuye uduhe indirimbo nshasha kuko turakwemera cane gose. Mu fans w’indirimbo za SAT – B witegure vuba agiye kuza kuko aho waraye umubwire ko umukumbuye nawe aravuga ngo ninde ankumbuye ko ndabaca amazi kuri STAGE ahubwo banyitegurire mvuye muri KENYA nzobaca amazi gushika aho inkumbu zose bafitiye aba fans banje zose zibaheramwo mukubaca amazi.
Amakuru dukesha igihangange SAT – B aravuga ko kuba ari mugihugu ca KENYA bimutera gukumbura cane gose imuhira iwiwe i BURUNDI akanagira n’inkumbuye nyinshi cane gose nzogusubira guteramisha aba fans biwe kuri STAGE mukubaryophera n’indirimbo yinshi ziwe nshasha zisohotse vuba uno mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane hamwe n’indirimbo yasohoye mu myaka iri inyuma mwakunze nka AFISE AMANYAMA n’izindi nyinshi cane gose mukunda mugihe yamaze kuja kuri STAGE akabateramisha gushika ntabo mudashaka ko igiteramo kirangira.
SAT – B anatwiganira atubwira ko aba fans biwe ariwe abakumbuye cane gose kubasuvya inkumbu boba bamufitiye kandi ngo niyaza avuye mugihugu ca KENYA azobaca amazi kuri STAGE nkuko y’abaciye amazi mugiteramo SATURA AMAFLE y’akoreye kuri MUSEE VIVANT y’i BUJUMBURA mu kwezi twashoboye kurangira hari itariki 05/09/2014 kuvy’ukuri aba fans biwe yarashoboye kubaca amazi bimwe bikomeye cane gosebari baje kubwinshi gose gushika ntaho umuntu abura aho hagarara.
Abakunzi b’umuziki w’uburundi mwese tubabwire ko igihangange canyu mu muziki SAT – B niyaza i Buurundi avuye muri KENYA azobaca amazi mukubateramisha mubiteramo bitandukanye hamwe n’indirimbo nyinshi nyinshi kandi azobazanira n’udukemanyi twinshi tw’indirimbo tutibagiye indirimbo ikiri SURPRISE yakoranye n’igihange KIDUM KIBIDO.
Mu fans ba SAT – B ukaba utaronse ubutumwa bwiwe yagutumiye akuramutsa uhejeje kuburaba uce uugira akajambo womubwira nawe FYONDA HANO: https://www.facebook.com/photo.php?fbid=1524513211127221&set=a.1512140749031134.1073741829.100007056707853&type=1&theater