Uburundi bwacu burasubiriye guterwa iteka aho NATACHA umuririmvyikazi wacu yaje azanye itsinzi mu muziki w’uburundi
IMBERE Y’UKO USOMA AYA MAKURU ATEYE IGOMWE MU MUZIKI W’UBURUNDI BWACU BANZA URABE IYO CLIP VIDEO Y’INDIRIMBO U Burundi Bwacu YATUMYE UMURIRIMVYI NATACHA YEGUKANA IGIHANGWA SICA RYABEREYE MUGIHUGU CA BENIN.
Uyu munsi uburundi bwasubiriye guterwa iteka ridasanzwe mu muziki canecane kuruhande rw’abaririmvyikazi aho umuririmvyikazi benshi muzi kw’izina ry’uburiririmvyikazi yitwa TANACHA yahora mwihiganwa twovuga riba ritoroshe rero akaba yashoboye kugira amahirwe menshi yegukana ikibanza cateye iteka umuziki w’uburundi bwacu mw’ihiganwa ryaratunganijwe n’igihugu ca Benin rikaba ryari rimaze iminsi itari myinshi cane kuko ryatanguye itariki 20/11/2014 gushika itariki 23/11/2014 rikaba ryitwa SICA kinejereje gose umuririmvyikazi NATACHA n’ukubona yarashoboye kuririmba indirimbo iyahagiza igihugu c’uburundi bwacu arinayo yatumye imuha amahirwe menshi mugutahukana itsinzi mungwego rudasanzwe mw’ihiganywa SICA. Uno muririmvyikazi NATACHA afise ivyishimwo vyinshi kubona yarashoboye kuririmba indirimbo yitwa UBURUNDI BWACU yuzuyemwo ubutumwa budasanzwe hanini buvuga ivyiza biri mugihugu c’uburundi nivyo vyatumye kandi atahukana itsinzi idasanzwe iteye igomwe mu muziki w’uburundi uririmba aririmvyikazi.
Amafoto yaranze umuririmvyikazi NATACHA yatsindiye ihiganwa SICA igihe yashika kukibuga c’indege i Bujumbura eka abantu bari baje kubwinshi kumutegera banakeza imbere y’uko ajahamwe n’umuryango n’icuti n’abandi benshi bakwirikirana umuziki w’uburundi mukwigina itsinzi idasanzwe twatewe mu muziki w’uburundi bwacu akamwemwe kari kose kubari baje hamwe n’umuririmvyikazi NATACHA.
Tubibutse ko ihiganwa SICA ribera mugihugu ca BENIN rigeze kabiri ritahukanywa n’umuririmvyikazi aho ubwa mbere ryize gutahukana umuririmvyikazi EMELANCE mukuririmba indirimbo YAMBAGOREYE yatumye imuha amahirwe nawe adasanzwe murumva ko uburundi bwacu mu muziki abaririmvyikazi bashoboye aho bari hose mugukora ibora inka mumahiganwa ategurwa n’ibihugu vyohanze.